Imvugo iremesha muri kino gihe ca Covid 19 ni karahara mu ruganda ntibacura

Kuvamumperazumwakawa2019, haradutseikizagihereyemugihugucUbushinwaIcokizanticatevyekurandagatagikwiraisiyosegushikanahoigihugucacucUburundigishikirwa.Abagwayi ba mberebagaragayekuwa31 ntwarante2020. Icokizaca Covid 19 kikaba giteyeubwoba ku buryo gitumahabaukwinubana, urwankomberen’ikibanokigatosekaraNimuriiyontumbero, ikigoUbuntugifadikanijenaCoopérationSuissebiyemejekugiraicobaterereyekugirabaruhurireimitimayabagizeikibanomuriikigiheCoronavirusigisibije.

Letay’Uburundiimazekumenyakoicokizakirikokirahonyaingandamumakungu, yarakozeibishobokavyosekugiraikingireabenegihugu. Aho twovuga nko kubanza gushikiza ahihereye (mise en quarantaine) abavuyehanzey’imbibebakahamaraiminsicumininekugira ngo nibababafise uwo mugerabazobebamazekwigaragazabacebavugwamubitarovyabiteguriwe.

Arikonahobiri uko, vyarashitseabagwayibamberebaramenyekanakobanduyeicokizakw’igenekerzorya31 ntwarante2020.

Letay’uburundiyashizehoingingonyinshikugiraikingirebikwiyeabenegihugu, nk’ukubahimirizagukaraba no gushiraho ibikoresho vyo gukaraba imbere y’ibibanza bihuriramwo abantu benshi, gushirahoinomerobaterefonakoitarihamugihebiketsekoumuntuyobayanduyen’ibindivyinshi. Mbere Leta iheruka no gutanguza isekeza ryiswe « Ndakira sinandura kandi sinanduza Covid19 » ryo gupima ico kiza kugira ngo ihangane n’umwansi ibona.  

Uwanduye canke uwikekwa ni umuntu nk’abandi

« Subiramubisagaraujanen’iyondwarayawe, ntutumare. », «Izondwaraz’abakireb’iBujumburantuzigezengahaatari ukoturakwicahakoutumariraabanan’abagore. » ayo niyo majambo yabwirwa umusore Nzitonda mu gihe yari yasubiye ku gatumba avuye ku kazi ko mu nzu i Bujumbura kumvo z’uko sebuja yari yajanywe mu bitaro kubera bari basanze afise umugera wa coronavirus.

Ku gatumba iwabo, Nzitonda yarabwa nk’ikiza ubwaco. Ivyo bikaba vyari kumutuma ahava agira ihahamuka kubera ikumirwa yariko arabamwo akankwa n’abari kumuremesha canke kumuhanura. Kuribwa n’uwawe vyama bitaryoshe. Abatwaren’abajejweubuvuzibaratevye baramushiraaha wenyenekugirango barabekoyobaafiseiyondwara. Inyumay’imisicumin’inebasanzeNzitonda ata mugera wa Covid 19 afise, Imana iba iracanye.

Gukebura utica birashoboka

Koko nivyo Nzitonda yari uwo kwikekwa kuko yari avuye ahantu ikiza catanguye kwigaragaza kurusha ahandi ndetse yari anabana n’umuntu yanduye umugera wa corona. Mugabo none, burya uburyo abo ku gatumba babimubwiyemwo bwoba bwari bubereye ? eka namba. Kugira ngo bamuhimirize kwisuzumisha, bari gushobora nko kumubwira bati : « Iyonumviseko uje uva i Bujumbura mu rugo rw’umuntu basanze afise covid 19, je numva nawe wobanza kuja aha wenyene kugira ngo usuzume ko utoba waranduye nawe. »canke bati : « Ubonavyoshobokako wobanza kuja kwisuzumisha imbere y’uko utangura gutembera mu bantu ga mugenzi ? Numva vyoba vyiza. »

Utwo ni uturorero tw’impanuro zashobora gukora ku mutima wa Nzitonda zitarinze kuwukomeretsa kandi zitarinze kumucira urubanza. Iyo umuntu ahanuwe aturubikwa aca yumva ko aciriwe urubanza. Igikurikira si uguca ashira mu ngiro ivyo abwiwe, ahubwo kenshi agerageza kwisigura canke guhunga abamwagiriza ugasanga umuntu asigaye yagwaye ihahamuka kubera itotezwa, agasigara atinya abantu.

Inyifato yo gufata

Bivanye n’uburyo impanuro itanzwe, irashobora gukiza canke kwica. Muri kino gihe ca Covid 19, ikigo Ubuntu kirahanuye abantu bose kwimenyereza gukoresha imvugo zitavuna canke zidacana intege kuko siwo muti. Mu gihe wiketse umuntu kanaka yoba afise ico kiza, fata ingamba zo kwikingira zibereye hanyuma umuhimirize kuja kwipimisha mu mvugo idatuma yumva umwagirije, mu bugwaneza ntangere. Atakwumviye, bishikirize abo yokwumvira kukurusha. Vyanse naho, bishikirize abajejwe intwaro canke ubuvuzi ariko ntuce ugenda kumwararaza hose kuko mu kumwararaza ntawe uba uriko urakiza atari uko uba uriko urasambura wongera unica uwo muntu.

Uwo vyashitse nawe akagwara ntibisigura ko azamana uwo mugera. Coronavirus ni indwara ivugwa igakira. Ntitukinube rero umuntu ngo ni kubera yavuye mu bitaro. Ibitaro birinze bimurekura ni uko biba vyasuzumye neza bikemeza ko uwo muntu yakize. 

Coronavirus niwo mwansi wacu, abagwayi bayo sibo bansi bacu. Twunge ubumwe twese tugwanirize hamwe uwo mwansi hama dushigikire abo uyo mwansi yamaze gutera canke twikeka ko yoba yateye. Kubaharira ivomo siwo muti. 

 

Share
Back to Top