Skip to main content

UGUSOZERA

Submitted by Anonymous (not verified) on

Kugira urwaruka rukore ibirama mu kwiteza imbere, rurakeneye abarufata mu mugongo. Abo nabo borushi-gikira ni aba:

Abavyeyi

Bokundisha ibikorwa abana kuva bakiri bato bakabere-ka akamaro kavyo.

Abarongozi

Borondera imigambi y’iterambere ifasha urwaruka kwiyungunganya bakongera bakabakwirikiranira hafi mw’irangurwa ryayo.

Leta

Rwaruka, dukure amaboko mu mpuzu turondere kazoza keza

Submitted by Anonymous (not verified) on

INTANGAMARARA

Ikibazo co kuronka akazi ku rwaruka mu gihugu cacu kiraraje ishinga abatware, abavyeyi n’urwaruka. Uga-niriye n’urwaruka rwo hirya no hino, rw’aba urutaciye mw’ishure, urwayaciriye hagati canke urwayamaze a-benshi usanga bidoga ko ubukene bubarembeje kandi bari bafise inguvu zo gukora.

AUTOUR DES INITIATIVES DE DEVELOPPEMENT POUR CONSOLIDER LA PAIX (Avant-propos)

Submitted by Anonymous (not verified) on

Comprendre la nécessité de développer un lien entre la renaissance sociopolitique et la dynamique de développement pour une société qui vient de passer des décennies dans la violence et la déconstruction est crucial pour le renforcement du capital social au niveau des communautés humaines. Le Centre Ubuntu, démarré en Janvier 2002, a profité de ses douze ans d’expérience pour y réfléchir, et à nouveaux frais.

DUSOZERE

Submitted by Anonymous (not verified) on

Imyidogo y’abanyagihugu ishingiye ku ngaruka mbi zite-rwa n’abakobwa n’abagore batunzwe no gucuruza imibiri yabo irafise ishingiro. Ikibabaje gusumba ni uko umengo iyo myidogo ntaho ishika kuko umengo ntawuyakira. Ni ukuvuga ko bose ba-sigaye babona ko ico kibazo ari igisanzwe kandi ari inkota y’u-bugi bubiri.

TUBE TURAKARISHA UBWENGE MU BUNTU

Submitted by Anonymous (not verified) on
 

Wemera Imana canke utayemera, mbega umubiri w’umuntu yaba umwigeme, umugore, umusore canke umugabo, urashobora kuba igicuruzwa ? Kuki ? 

Sigura, utange n’uturorero

Wandikire Ikigo Ubuntu

Agasandugu ka posita 2960 i Bujumbura, canke

wishikirire kuri ico Kigo kuri Paruwasi Mikaheri Mweranda (Saint Michel)

 

AMATEGEKO AVUGA IKI KU BIJANYE N’UBUSHURASHUZI MU BURUNDI ?

Submitted by Anonymous (not verified) on

Ibwirizwa rihindura igitabu c’amategeko mpanavyaha n° 1/05 ryo 22/04/2009 rirerekana neza ibijanye n’ubushurashuzi, ubumaraya, abo vyega hamwe n’ibihano bijanye. Twashimye rero kubibashikiriza ngo mubimenye ntihagire uwihenda ngo nta mategeko n’amabwirizwa ariho ahana ivyaha mwene ivyo.

Igice ca II : Ivyerekeye ivyaha birtyoza imigenzo myiza y’igihu-gu

Agace ka 1 : Ivyerekeye ugushurashura

Ingingo ya 538 :