UMUCO W’UGUFASHANYA WOBA ARI INTAMBAMYI MU RUGAMBA RWO KURWANYA IKIZA KORONAVIRISI MU BURUNDI?

Abarundi bavuga ko umuntu yamye agirwa n’uwundi, ka-ndi ngo tubiri tuvurana ubupfu, agafuni kabagara ubumwe ni akarenge. Umuco w’ugufashanya wagaragaza urukundo n’ubumwe hagati y’abarundi.
Uwufise inkoko, igiseke, umubindi w’urukanywa yarage-murira incuti, umugenzi bakagandagaza ikiyago kigahere-kezwa n’urukanywa. Ivyo akenshi vyaba mu gihe c’imanza z’ubugeni, imanza z’impfu, ugusohora umwana, mu gihe c’ukwatirwa, n’izindi.
Naho muri kino gihe ubukene bwateye mu bantu, amato-ngo akaga kubera igwirirana ry’abantu, hariho uturere tu-mwe tumwe uwo muco bakiwuhembera.
Ariko rero, muri kino gihe isi yugarijwe n’ikiza ruhonya-nganda “corona virisi” abandi bita “Covid-19”, Uburundi bukaba butasigaye inyuma.
Kubera ko ico kiza candukira cane ari uko umuntu yandu-jwe n’uwundi, umuco w’abarundi wo gusangira akabisi n’agahiye usa nk’intambamyi mu rugamba rwo kukirwa-nya.
Mu gihe abajejwe amagara y’abantu bategeka abantu guha-nahana umwanya ungana n’imetero (m1) iyo bakoraniye a-hantu, imwe mu ngingo zo kurwanya “corona virisi”, abarundi batari bake baracasangira kw’icupa, bagasoma ba-hanahana umukenke, bagahana ingemu, n’ibindi. Uwo mu-genzo wo gufashanya no gusabikanya ukaba usa n’inta-mbamyi ku mugambi wa Leta wo kurwanya ikiza “corona virisi”.

a. Ugusangira umukenke umwe muri benshi
Ugusangira k’umukenke ni ikimenyetso c’urukundo n’uku-nywana hagati y’abasanganywe. Abarundi bati « Ahari u-bumwe, urusato rw’imbaragasa rwipfuka batanu » ahandi naho ngo « Bike bikehanira abankana. »
Uwo mugenzo wo kudasoma uwundi akuraba, urakuriki-zwa mu duce tutari duke tw’igihugu c’Uburundi cane cane aho badandariza inzoga y’ibitoke, iy’amahonda, inzoga y’uburo canke mu bihe vy’imanza zitandukanye aho abantu basoma hanyuma bakukije bagaha umukenke abandi abo nabo bagahava baha umukenke abandi bantu kugira ngo ntihagire uwutaha adasomye.
Muri kino gihe igihugu c’Uburundi cugarijwe n’ikiza ca « corona virisi », uko gusangira k’umukenke biza nk’inta-mbamyi kuko umwe asomye agaha uwundi, uno nawe aga-hava ahereza uwundi, biratuma uwo mugera urandagata ku-ko hamwe hagize uwusanzwe yaranduye iyo ndwara, aba-somye ku mukenke canke kw’icupa bahanahana, bose baca bagenda banduye bakongera bagahava baja kwanduza abo basize muhira.
Iyo nyifato ikaza ikamira mu coze umugera wa corona aho winjira uciye mu kanwa ukaca uja kwarikira mu muhogo, i-mbere yuko uja mu mahaha ari naho umuntu aca atangura guhema nabi agahava asinzikara n’urupfu rugahava rwa-ndurukiramwo.
b. Uguhanahana ingemu
Ingemu zari zigizwe ahanini, n’inkoko, igiseke, umubindi w’urukanywa bashira umuntu kuko yagize urubanza canke uwundi musi mukuru w’umuryango.
Ababanyi, abatumire n’abandi bashitsi baragandagaza i-mbere y’intango bagahana ijambo n’umukenke bamwe ba-kutsa bagaha umukenke abandi bagasubirayo gutyo umuntu wese akagenda gishikiriwe, vyahimba hagataha ababa hafi ababa kure nabo bakarara. Abagifise amagara barikora mu gahogo, bagatamba bagatarika iruhande y’intango y’uru-kanywa.
Uwo wari umuco w’ugufashanya w’Abarundi aho uwu-mvise urubanza rw’incuti, umubanyi canke umugenzi ya-tarika igitoke kugira aze aronke ico aserukana mu bantu yo-ngere ashigikire nyene kugira urubanza canke umusi muku-ru.
Hejuru y’uwo mugenzo wo kubabarana no gufashanya, u-wuzanye ingemu baramuramutsa n’igishika mu kumurwa mu nda bongera, muduce tumwe tumwe, baririmba akazehe kugira ngo bagaragaze inkumbu bari bafitaniye.
Iyo migenzo rero yo gusangira n’ukuramukanya mu kugu-mbirana n’intambamyi ku rugamba rwo kurwanya umugera corona kuko ituma abantu begerana bakongera bagakoza-nyako iminwa biciye mu gusangira aho umwe asoma kw’i-cupa, yaheza ahagahereza uwundi.
Ikiza corona kikaba candurwa mu kuramukanya n’iminwe canke kugwana munda n’uwumaze kwandura, gusangira u-mukenke, kwicara canke guhagararana n’uwuyigwaye mwegeranye, kwegerana n’uwugwaye akakwasamuririra canke akagukororera iruhande, gukora ku kintu uwugwaye yakozeko.
Ivyiyumviro vyashikirijwe na Patrice HABARUGIRA, yakwirikiranye ivyigwa vy’inyifato n’imibano; akora mu Kigo Ubuntu

Share
Back to Top