UGUSOZERA

Muri iki gihe abantu bose bafise ubwoba bwo kwandura u-mugera corona, ubwa mbere bobanza bakamenya ibime-nyetso biranga ico kiza: gushuha, gukorora ata gikororwa kiza, uburuhe utazi ico buvuyeko, guhema nabi, guta ijwi, guta ubushobozi bwo kumoterwa, kubabara mu gikiriza, n’ibindi. Ubwa kabiri, ivyokorwa kugira gituzwe ni ibi:

Kubwa Leta :

  •  Yohimiriza abanyagihugu kugira babandanye bashi-ra mu ngiro ingingo  yafashe zo kugwanya ico kiza.
  • Yotanga inyigisho zijanye n’ukwikingira ico kiza.
  • Yogwiza mu gihugu cose aho gupimira abantu uwo mugera.

Abanyagihugu:

  • Boshira mu ngiro ingingo na Leta.
  • Boreka gukumira abandi ahubwo uwo biketse baka-muhimiriza kwipimisha kugira ntiyanduze abandi.

Amadini, amashirahamwe mvukagihugu na mvamakungu

  • Yofashanya na Leta guhimiriza no gutanga inyigisho zo kwikingira ico kiza.
  • Yokumviriza abantu bakomeretse ku mutima kubera ico kiza
Share
Back to Top