Skip to main content

CORONA WE URAKANKOREYE PE. MBURE UMUVYEYI, NKUMIRWE MU KIBANO NONGERE MPOMBE MU RUDANDAZWA

Submitted by Anonymous (not verified) on

Muri iyi nkuru, Ruzariya ni umukenyezi abanye ne-za n’umushingantahe wiwe Firipo. Aradandaza i-nzoga y’urwarwa amafaranga aronse akayakoresha mu guteza imbere umuryango. Ivyo vyahindutse i-gihe nyina wa Ruzariya agwariye “corona virisi” ikanamuhitana. Inyuma y’aho, Ruzariya yashoye inzoga nkuko yahora abikora, arabura n’umwe amu-gurira kubera ababanyi bari bazi ko nyina wiwe ya-size yandukije umuryango wose, bagatinya kwa-ndura no gupfa. Ikindi catuma bakumira Ruzariya, ni uko mu kibano bwari bubaye ubwa mbere babo-na umuntu ahambwa mw’i “sashe”. Bo babona ko ari umuvumo. Nta n’umwe mu babanyi yamubaye hafi ngo amuremeshe.