Skip to main content

UGUSOZERA

Submitted by Anonymous (not verified) on

Muri iki gihe abantu bose bafise ubwoba bwo kwandura u-mugera corona, ubwa mbere bobanza bakamenya ibime-nyetso biranga ico kiza: gushuha, gukorora ata gikororwa kiza, uburuhe utazi ico buvuyeko, guhema nabi, guta ijwi, guta ubushobozi bwo kumoterwa, kubabara mu gikiriza, n’ibindi. Ubwa kabiri, ivyokorwa kugira gituzwe ni ibi:

Kubwa Leta :

UMUCO W’UGUFASHANYA WOBA ARI INTAMBAMYI MU RUGAMBA RWO KURWANYA IKIZA KORONAVIRISI MU BURUNDI?

Submitted by Anonymous (not verified) on
Abarundi bavuga ko umuntu yamye agirwa n’uwundi, ka-ndi ngo tubiri tuvurana ubupfu, agafuni kabagara ubumwe ni akarenge. Umuco w’ugufashanya wagaragaza urukundo n’ubumwe hagati y’abarundi. Uwufise inkoko, igiseke, umubindi w’urukanywa yarage-murira incuti, umugenzi bakagandagaza ikiyago kigahere-kezwa n’urukanywa. Ivyo akenshi vyaba mu gihe c’imanza z’ubugeni, imanza z’impfu, ugusohora umwana, mu gihe c’ukwatirwa, n’izindi. Naho muri kino gihe ubukene bwateye mu bantu, amato-ngo akaga kubera igwirirana ry’abantu, hariho uturere tu-mwe tumwe uwo muco bakiwuhembera.