HACIYE IMINSI MAMA KEZA AGANIRA N'UMUBANYI
MAMA KEZA ARUNGIKA JANINE
MARIKO ASABA JANINE KO YODUGA KUGWAZA NYINA
UBWOBA BUTEKERA UMURYANGO WA JANINE
TWIRINDE KUJANA NYABAHURURU MURI IKI GIHE TWUGARIJWE N’UMUGERA CORONA
Muri iyi nkuru, Janine ni umwigeme yamanutse i Buju-mbura gukora akazi ko mu nzu. Yarakora neza akazi aje-jwe, kubw’ivyo, abakoresha biwe baramukunda cane. Aho ikiza “corona virisi” gitereye kw’isi yose, mbere no mu gi-hugu cacu kigashikaho, Janine yaragize ubwoba, aca aja i-nama n’uwundi mukozi yitwa Vesina kugira baduge iwabo. Janine yararondeye uburyo bwose ngo atahe iyo yaje ava, arashika n’aho yinginga se wiwe ngo asabe abakoresha bi-we kugira bamuhe uruhusha rwo gutaha. Amaze gutaha, ntiyasubiye kumanuka.
Tugwanirize hamwe umugera corona dusanasane imitima yakomeretse
Kuva isi ibaho, yamye yugarizwa n’ibiza vy’indwara zita-ndukanye. Muri ivyo bihe vyose, inganda zaratikira, imi-ryango yabuze igasigara yipfumbereje. Ubukene, ubwoba n’umwiheburo bikugariza ibihugu biba vyatewe.
Centre Ubuntu